Ishirahamwe VONECOVIC ryaratanze Noweri i Karama.

Fyonda ngaha.

Mu ntumbero yo kwipfurizanya Noweri nziza n’umwaka mushasha wa 2022, ishirahamwe VONECOVIC ryaratanze, kuri uyu wa 24 Kigarama 2021, imfashanyo igizwe n’ibitenge 50, ibiro 200 vy’umucerit, ibiro 50 vy’umunyu n’amasabune ku miryango 50 y’amikoro make igizwe n’abatwa, abapfakazi n’impfuvyi yo mu gacimbiri Karama, umutumba wa Gishingano zone Nyambuye, komine Isare mu ntara ya Bujumbura.Iryo shirahamwe VONECOVIC ryatangujwe n’umuririmvyi Minani Félicien NSENGIYUMVA asanzwe avuka muri ako gacimbiri Karama, ubu rikaba rirongowe n’umupfasoni w’umudagi Angela IROEGBU.

Tubamenyesheko iyo mfashanyo yari ifise agaciro k’amafranga y’amarundi angana n’umuriyoni n’ibihumbi amajana atanu(1.500.000 FBU), aho umuryango wose waronkejwe umwambaro w’igitenge, ibiro 4 vy’umuceri, 1kg c’umunyu n’amasabune 3. Iyo nfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe VONECOVIC yavuye ahanini mubanywanyi n’abakunzi biryo shirahamwe baba mu gihugu c’Ubudagi hamwe no mukigo CENTRE SAFE BURUNDI cifuje gushigikira ico gikorwa c’urukundo. Tubamenyeshe kandi ko ibikorwa nk’ivyo vyo gufasha, ishirihamwe VONECOVIC ryama ribikora rimwe canke kabiri mu mwaka.

Wilson Kubwimana @Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *