Umushingamateka Sauda MBONEKO yateye akamo abigeme b’Abarundikazi bakwije ibisabwa kwitabira ihiganwa Miss Burundi 2021.

@Abenegihugu.com, itariki 07.02.2021/ @Inkuru ya FOFE/.

Umushingamateka Sauda MBONEKO yatowe mu ntara nziza ya Bujumbura, ni umwe muri benshi b’incuti z’ishirahamwe Fondation Femidejabat ( FOFE ) bari bitabiriye kuruyu wagatanuitariki 05 Ruhuhuma 2021 ibirori vyo gusangira umwaka mushasha mu banywanyi ba FOFE Maire no gushikiriza kumugaragaro abagize Komite nyobozi nshasha y’iryo shirahamwe mu gisagara ca Bujumbura. Mw’ijambo yashikirije kw’izina ry’abakunzi ba Fondation Femidejabat, yarakeje Fondation kubikorwa vyiza bitari bike imaze kurangura mu gihugu mu gihe gito cane imaze ivutse. Yarateye n’akamo aho yasavye abigeme b’Abarundikazi muri rusangi na canecane b’Ababatwakazi kwitabira ihiganwa Miss Burundi 2021 riherutswe gatanguzwa icese n’Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu cacu Nyenicubahiro Angeline NDAYISHIMIYE.

VIDEO: Fyonda ngaha, wunvirize akamo Hon Sauda MBONEKO yateye n’impanuro nziza yashikirije kubigeme b’Uburundi.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *