Bujumbura / Komine-Mutambu: Ibikorwa rusangi vyo guca ibarabara Disco-Burima- Mutambu.

@Abenegihugu.com itariki 30.01.2021 / @Province Bujumbura /

Kuri uyu wa Gatandatu, igenekerezo rya 30/01/2021 abene Gihugu bo kumitumba ya Burima I na Burima II bazindukiye mubikorwa rusangi vyo guca ibarabara Disco-Burima- Mutambu ivyo bikorwa bikaba vyatewe iteka na nyakubahwa Musitanteri wa Commune MUTAMBU NIYONGABO Jean-Pierre ivyobikorwa bikaba vyitabwe n’abenegihugu isinzi.tubamenyesheko iryo barababara hamwe ryorangira rizogirira akamaro abenegihugu bokuriyo mitumba na Commune muri rusangi kuko rizogabanya ibirometero iryahora rishika kumurwa mukuru wa Commune riciye muri Commune KABEZI Ibikorwa nkivyo bikaba vyabaye no kumutumba wa Gomvyi aho vyitabwe nahonyene n’abenegihugu batari bake nimvukira zimwe zimwe aho twovuga nka Nyakubahwa umuyobozi w’uburimyi,ubworozi n’ibidukikije muntara ya Bujumbura MAZARAHISHA Daniel n’izindi mvukira.Ibikorwa birangiye baciye bahurira hamwe mu nama yo kurabira hamwe ibikorwa vya Coopérative Sangwe GOMVYI.

I MUTAMBU, Ferdinand NDIZEYE@Province Bujumbura

Author: Minani Félicien Nsengiyumva

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *