Umushikiranganji Ezéchiel Nibigira yatanguje inama y’abaserukira ibigo vy’urwaruka.

Umushikiranganji ajejwe imigabo n’imigambi ry’Uburundi mukarere kubuseruko muri Afrika, urwaruka, inkino n’imico kama, Ezéchiel Nibigira, ahejeje kwugurura, kuri uwu wa Kabiri igenekerezo rya 21 Kigarama 2021, uruganda rw’imisi itatu rwategekanirijwe abasanzwe baserukira abandi mubigo vy’urwaruka mu karere kuburengero kagizwe n’intara ya Cibitoke, Bujumbura, Mairie ya Bujumbura na Bubanza. Urwo ruganda yugururiye ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke, rugamije kwigisha abo bayoboye ibigo vy’urwaruka ukwo bofasha urundi rwaruka gutunganya imigambi y’iterambere.Yarangije yibutsa urwo rwaruka kubandanya bikingira ikiza covid 19 mugukurikiza impanuro bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu.

Alexis Nimubona @Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *