Abashingamateka n’abakenguzamateka batowe mu ntara ya Bujumbura bagendeye, kuri uyu wa 10 Munyonyo 2021, abegwa n’igisata c’indero muri komine Kanyosha.

Abenegihugu.com. Inkuru ya Alexis Nimubona@RTBB.

Bujumbura– Indero / Kanyosha. Abashingamateka n’abakenguzamateka batowe mu ntara nziza ya Bujumbura bagendeye, kuri uyu wa 10 Munyonyo 2021, abegwa n’igisata c’indero muri komine Kanyosha. Aho ni mu gihe abo bubahwa basanzwe bari mu karuhuko. Intumbero y’urwo rugendo ni guhimiriza abegwa n’indero kugira umwimbu wiyongere mu gihe iyo ntara igira 16 ku ruronde muri ico gisata. Umushingamateka Sauda Mboneko yaciye amenyeshako uyu mwaka bagiye gukorera ku kibazo c’indero ku civugo: «Tuduze umwimbu kw’ishure». Impanuro nyinshi zatanzwe mu ntumbero yo kugwiza umwimbu. Ingendo nk’izo zitegekanijwe mu makomine yose agize iyo ntara.

Alexis Nimubona @Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *