Bujumbura / Uburongonzi bw’Inama nkuru y’Urwaruka mu ntara bwatunganije inama ku rwaruka rwo muri Komine Mutimbuzi mu butandukane bwarwo.

@Abenegihugu.com itariki 03 Gitugutu 2021 / @RTBB.

Kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 02/10/2021, Uburongonzi bw’Inama nkuru y’Urwaruka mu ntara ya Bujumbura bwatunganije inama ku rwaruka rwo muri Komine Mutimbuzi mu butandukane bwarwo. Intumbero y’iyo nama kwarukurabira hamwe nokwibukanya Uruhara rw’Urwaruka mugucungera amahoro n’Umutekano na cane cane kuruhimiriza gukorera mu nyabune mu ntumbero yokubera maso igihugu co tuzigako vyose.

Kabaye kandi n’akaryo ko gushimira urwaruka rumwe rumwe rwo muri Mutimbuzi rwumvise akamo twabateye rugakorana n’Umuhinga abafasha gutunganya imigambi uyu musi bakaba baramaze kuronswa ingurane na BIJE niko gusaba abandi baraho kubafatirako akarorero kuko Umuhinga arahari kandi ariteguye bikwiye gukorana nabo akabafasha ibishoboka kandi ataco abasavye nkuko uwo muhinga yabibamenyesheje kuko nawe ariho yari yibereye.Imbere y’iyo nama #HAKIZIMANA #Longin arongoye Inama nkuru y’Urwaruka mu ntara ya Bujumbura yakoranye ibikorwa rusangi n’Urwaruka ndetse n’abandi benegihugu vyari bigizwe no kuzibira uruzi Rusizi rumaze igihe ruta inzira rukonona vyinshi mur’ako karere, inyuma y’ivyo bikorwa rusangi uwo arongoye Inama y’Urwaruka mu ntara yatekereye impanuro abari bitavye ivyo bikorwa rusangi, aho yashimikiye kukwijukira ibikorwa kuko ar’ico kiraro conyene rudende gishobora kudushikana kwiterambere rirama.

Mur’izo mpanuro *HAKIZIMANA* *Longin* yaciye akarongo kubijanye no kubumbatira amahoro n’Umutekano aho yagize ati:“Rwaruka ntihagire uwusubira kubajuragiza mumenye ko Umutekano ar’uwanyu kuko niyo uhangabanye nimwe muhahombera vyinshi kuko nimwe mugifise imyaka myinshi imbere yanyu kandi mufise vyinshi vyo gukora mu ntumbero yo gutegura kazoza keza kandi. Ntidusubire kumva aha mu Gatumba umuntu ahungabanije amahoro n’Umutekano agaca agenda impundu amarembe muhari nimubere ijisho inzego zibijejwe nazo zikore akazi kanatsinda tugiye hamwe vyose birashoboka, uyu musi twugururiwe urugamba rumwe rwonyene rwo kugwanya Ubukene uwushaka kubavangira n’ibindi muramuvira hasi kandi jewe uko mbona mu ngana ntiyobacarukana.»

Ivyo bikorwa vyose bikaba vyarangiye mu kanyamuneza no mu mutekano ntangere. Niharambe Urwaruka rwibereye ku kivi mu butandukane bwarwo

Longin Hakizimana @Province Bujumbura

Author: Minani Félicien Nsengiyumva

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *