Bujumbura:Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo yifadikanije n’abakirisu ba Paroisse Aroyizi Mweranda.

@Abenegihugu.com 21.02.2021 / @Province Bujumbura.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2021, Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo yifadikanije n’abakirisu ba Paroisse yitiriwe Aroyizi Mweranda yo mw’ Ijenda muri komine Mugongo-Manga mu gisabisho c’Inkuka ya Misa. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD yabemereye ko azobafata mu mugongo mu bikorwa vyo gutegura Yubire y’imyaka 75 iyo parwasi imaze, itegekanijwe guhimbazwa muri uyu mwaka w’2021, hamwe no kubaronsa mu misi mike imifuko 50 y’isima yari yasigaye kuyo yari yabemereye.Hon. Ndikuriyo yibukije abakirisu ba paruwase Jenda ko ikiza ca Coronavirus kicibonekeza mu Burundi no kw’isi yose. Yabasavye kubandanya bakwirikiza impanuro bahawe n’Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu no kugwanya Sida kugira batuze ico kiza.

@Province Bujumbura

Author: Minani Félicien Nsengiyumva

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *