Bujumbura: Urwaruka rwo mu Rubirizi rurashimira Umushingamateka Sauda MBONEKO imvukira ya Komine Mutimbuzi.

@Abenegihugu.com 17 Nzero 2021 / @Burundibwiza.com /

Itariki 14.01.2021 mumurima w’ishirahamwe ry’urwaruka rwo kumutumba wa Rubirizi, bari bazindukiye gushiramwo imbuto mumurima wiryo shirahamwe ryabo uri mu Kivoga. Uwo murima w’ihegitari bateragiye, bawuronse babifashijwemwo na Nyakwubahwa Sauda MBONEKO, umushingamateka yatowe mu ntara nziza ya Bujumbura akaba ari n’imvukira ya Komine Mutimbuzi mu Rubirizi. Bakaba bamushimira cane mukubaba hafi mubitari bike na canecane mumpanuro nziza yama yabahaye zibafasha kwiteza imbere.

Urwo rwaruka rwagiye hamwe mugukura amaboko mumpuzu kugira rurwane ubunebwe n’ubukene. Rurashimira kandi n’umukuru w’umutumba wa Rubirizi aho nawene yabahaye ingabire yo kugura imbuto rutibagiye gushimira n’umukuru w’umugambwe Cndd-Fdd kumutumba wa Rubirizi yama abasanga ku kivi kubatera intege.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *