Bujumbura / Nyakwubahwa Buramatari w’intara Ir NSENGIYUMVA Désiré yakoresheje inama abayobozi b’indero mu ntara.

@Abenegihugu.com, itariki 27 Nzero 2021 / @Province Bujumbura /.

Mu ntara ya Bujumbura, nyakwubahwa Buramatari w’intara Ir NSENGIYUMVA Désiré ariko akoresha inama abayobozi b’indero mu ntara. Iyo nama iriko ibera mu nyubakwa ya komine Isare isanzwe iri ku mugwa mukuru w’intara ya Bujumbura.Mw’ijambo ry’ikaze, nyakwubahwa musitanteri wa komine Isare Niyonkuru Gilbert yamenyeshejeko komine itekanye abenegihugu bari kukivi kugira baduze umwimbu. Igisata c’indero muri iyo komine kiriko kiratera intambwe kuko umwimbu uriko uraduga bikava kugukorana neza n’ubuyobozi hamwe n’intwaro.Nyakwubahwa Buramatari w’intara nziza ya Bujumbura Ir NSENGIYUMVA Désiré mw’ijambo ryiwe yatanze intumbero y’inama ko ari kuyaga kukibazo c’indero mu ntara nanyaburya ikibanza intara ironka mu bibazo vya Reta kidashimishije abene intara. Yaciye aha ijambo nyakwubahwa umuyobozi w’indero mu ntara umushingantahe CIZA Raphaël, uwo nawe yatanze ukwo ibintu vyifashe ubu afatiye ku nama nk’iyo yari yabereye mu Kabezi mu kwezi Myandagaro 2020. Murivyo hari hasabwe ko hojaho inama rukokoma ku kibazo c’indero mu makomine kandi ahenshi vyaramaze gukorwa.Mw’Isare, Alexis NIMUBONA@Province Bujumbura

Author: Minani Félicien Nsengiyumva

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *