Diaspora Burundaise en Action : Gukunda igihugu mu bikorwa. Kora ndabe iruta vuga numve!

Diaspora burundaise en action @Abenegihugu.com / Ruzo-Muyinga.

Jacqueline KAMIKAZI ( France ) na Patrice NTAFATIRO n’umwana wiwe (Canada )

Abarundi babiri barabereye umugisha abo bana b’Uburundi n’igihugu cabibarutse. Umurundikazi aba mu Bufaransa Jacqueline KAMIKAZI amaze kubona ako ka Vidéo k’abo bana kaciye cane kumbuga ngurukanabumenyi aho berekanyeko nubwo bakenye bafise ingabirano muribo. Karamukoze kumutima aca yiyumvira kurondera Abarundi boja hamwe kugira bafashe ivyo bibondo vy’Uburundi, bo kazoza k’igihugu cacu ciza cane.

Yaciye aronka umurundi w’umutimbo azwi cane aba muri Canada ni n’umuhinga mu rurimi rw’ikirundi Patrice NTAFATIRO maze bose babiri baca bakora igikorwa c’iteka co kugurira abo bana bo mu Ruzo mu ntara ya Muyinga ingoma 13 hamwe n’amakaye kugira baze barazivuza bongera nitaho no kwiga amashure kuko vyose biri ngirakamaro kuri bo, ku miryango yabo no kugihugu cabo. Imana ihezagire aho bakuye abo Barundi baba mu mahanga batibagira gukorera ineza igihugu c’amavukiro mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa vy’ingirakamaro ku Barundi twese muri rusangi.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *