@Abenegihugu.com mise à jour. Source : FOF/

Ngo ni umunezero ntangere muri #Fondation #Femidejabat kubona umwe mu bigeme Fondation yashize ahabona ikanamufasha mu mugambi wayo yise #Miss #INAKARANGA wo kugira Abigeme b’Abatwakazi nabone bashobore kwitabira mw’ihiganwa #MISS #BURUNDI batarigera na rimwe bajamwo atahukanye intsinzi ku rwego rw’intara.
Intsinzi ya #Neilla #MUTONIWIMANA, umutwatwakazi mu mateka y’Uburundi abaye uwambere kurwego rw’intara ya Kayanza, ni amateka adasanzwe muri #Histoire y’Uburundi dukesha ahanini #FONDATION #FEMIDEJABAT n’abandi bose bashigikiye uyo mugambi wayo, tutibagiye abateguye iryo higanwa. Turamukeje cane Neilla MUTONIWIMANA, tumwifurije gushika ku ntsinzi y’urwego rw’igihugu. Duteye akamo n’abandi bigeme b’Abatwakazi gushiramanga, barashoboye nk’abandi.








Users Today : 342
Users Yesterday : 441