Ni bande bagerageje kwica umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien batazira Maréchal Femi de j’Abat Imana igakinga?

@Abenegihugu.com , Inkuru dusanga kurubuga rwa Facebook ( Femi Burundi ) rw’umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien arongoye ishirahamwe UNABUDI-Inyenyeri z’Uburundi kw’isi yose ( Unisson des Artistes du Burundi et de la Diaspora ).

INTAHE IDASANZWE MU BUZIMA BWANJE INTERA KUDACECEKA NO GUSHIMIRA IMANA CANE GOSE: IMANA IKORA IBIKOMEYE!
Nitwa #Nsengiyumva, Imana nsenga yankoreye igitangaza gikomeye cane aho umuntu yasabwe kunyica ahawe amahera aravyemera mu nyuma yasubiranyemwo na benekumutuma aca ahitamwo kundondera arabimbwira yemera no kubibwira Police y’Uburundi. #Shimwa #Mana ibihe bitagira iherezo! Ndashimira na mwebwe mwese abo nzi n’abo ntazi mwama munsengera, Imana ibampezagirire cane!

Abantu bataramenyekana ahabona bari inyuma y’igandagurwa rya SIMBAVIMBERE Bruno batazira MEMBER yahoze arongoye ishirahamwe ” Amicale des Musiciens du Burundi ” , boba aribo bagerageje kunyaka ubuzima nanje, ariko Imana igakinga? Kazoza kazotubwira ukuri kwavyo. Ikimaze kumenyekana nuko uwari yaremerewe amafaragna angana 7.000.000 Fbu akaba nawe nyene yari yarabemereye gushira uwo mugambi wo kunyica mungiro amaze kumenyekana kandi aranavyiyemerera. Ikihari ubu nuko ababijejwe babandanya akazi kabo, maze ukuri kuzokubitirwe ahashashe. Amaraso arahuma. Ko Imana yabikoze nkaba ngihema, twizereko n’abagandaguye MEMBER Ubutungane bw’Imana yo muremyi wa twese buzogaragaza abicanyi babitegura binyegeje bakibagirako Ijisho ry’Imana ribona hose. #Shimwa #Mana /@Femi

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *