Inama yo gukingira ibikorwa vyahinguwe n’abahinga mu Burundi.

@Abenegihugu.com mise à jour. / Aline NIYONKURU.

Uno musi igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019 kuri Hôtel Source du Nil habereye inyigisho zijanye no gukingira ibikorwa vyahinguwe n’abahinga mu gihugu cacu. Ikaba yuguruwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Nyakwubahwa Yozefu BUTORE. Buri ntara ikaba yari yaserukiwe n’umuhinga. Ishirahamwe UNABUDI-Inyenyeri z’Uburundi kw’isi yose ( Unisson des Artistes du Burundi et de la Diaspora ) rikaba ryaserukiwe n’umwiyeretsi rurangiranwa mugutamba ingoma z’Uburundi DUNIA Abedi asanzwe ariserukira mu gisagara ca Bujumbura. Abanyakaranga barimwo abaririmvyi batandukanye bari bitabiriye izo nyigisho zateguwe n’ikigo OBDA gifatanije n’abandi bahinga b’amareresi nka NGABO Léonce.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *