Bamusanze muri transit ahamaze amasaha arenga 24 atagira icepfo n’icaruguru, atamfungurwa.

@Abenegihugu.com / Inkuru dukesha Isaïe NTIDENDEREZA /

Amakuru Uruganda rw’Amakuru y’Abeneguhugu rwashoboye kuronka, abafashe indege ya ET 811 itariki 24Munyonyo 2019 ija i Bujumbura barazi inkuru z’uyo mupfasoni bashimye gutazira *Menedore* . Bamusanze muri “transit” ahamaze amasaha arenga 24 atagira icepfo n’icaruguru, atamfungurwa. Ngo ari muri bamwe bagenda guca ingero mugihugu ca Oman, rero bakaba baramwirukanye kumvo zikwiye gutohozwa.

Abagizi b’ineza twokwita ” les Patriotes ” b’Abarundi bafashe iyo ndege, barashize hamwe uburyo bwo kumufasha kubaho no kugura itike y’indege izomushikana i Burundi mugihugu ciwe, mukurindira ko ” immigration ” ya Ethiopie imurekura. Basavye abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu bakurikiranire hafi ikibazo c’abapfasoni bacu bagenda gupagasa mubihugu vy’abarabu.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *