Ururirimbo ndangabuhizi rw’umugamwe CNDD-FDD : Menya amajambo arugize n’uwarukoze.

1. CNDD-FDD inama y’abanyagihugu baharanira Demokarasi nyakuri, mu gihugu kigengwa n’amategeko, Abarundi bose bubahirizwe. / Bishire kandi bizane mugihugu c’amavukiro, batunge batunganirwe mu vyabo no mu babo, atawandya canke wangura.

2. CNDD-FDD irondera ineza ya bose ntikumira igomba ubutungane, ugusabikanya muri vyose, umutekano kuri bose. / Kugira bene Burundi boye kwama bicwa kandi ataco bazira bangazwa nk’ibikoko, Abarundi turavyanse.

3. CNDD-FDD irondera intwaro Isubiza ijambo abanyagihugu , hakaboneka indongozi zibikwiye kandi zimvuga kuri. / Zemera ubutegetsi buciye mu matora, Abarundi bakarongorwa n’abo bitoreye, ata gikenye n’agahotoro.

4. CNDD-FDD ni wewe twizigiye, usubize iteka Abarundi, urwanye ikinyoma n’akarenganyo, akagaye be n’uguhemuka. / Ni iragi twasigaranwe n’incungu za Demokarasi, Rwagasore na Ndadaye biguze Abarundi bose, muze twese turigendere.

5. CNDD-FDD mizero y’Abarundi, nta numwe atogushima imigambi yawe ibereye u Burundi, Abarundi isinzi tukuri inyuma. / Nukomere mu bawe we rukiza rw’Abarundi, tuguhaye urabikwe imigambi yawe ni myiza Cndd-Fdd.

Umwanditsi warwo / Amajambo , amajwi n’umudiho : Umuhizi Nsengiyumva Minani Félicien

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *