Reka twubake Afrika tuzosigira abana bacu. Uburundi bwamaze gushikirizwa intebe yo kuyobora ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kuva kuri uyu wa 14 Ruhuhuma 2026. Mbega twebwe Abarundi twiteguye kuba ishusho nziza ya Afrika ? Ni iki wokora wewe uyu musi kugira wubake ubumwe bwa Afrika ? Uyu munsi si inkuru isanzwe. Ni amateka ku #Uburundi aho buriko burafata ikibanza gikomeye mu kurongora ishirahamwe ry’#Ubumwe bwa #Afrika. Ariko reka twibaze: Afrika yunze ubumwe yubakwa n’abakuru gusa? Oya. Yubakwa n’imitima yabayibamwo. Yubakwa n’urukundo, icizere, n’ukwemera ko turi bamwe naho tuvuga indimi zitandukanye.
Ubumwe si ijambo gusa. Ni igikorwa, ni ukwubahana n’ugushigikirana, ukwiyumvamwo ko iterambere ry’igihugu ari intsinzi ya bose. Nimba uburundi buri kw’isonga, natwe Abarundi dukwiye kuba kw’isonga mu kwerekana indero, ubwenge, n’ishaka ryo kwubaka Afrika ikomeye, itekanye kandi yihagije. Afrika dushaka ntizokwizana. Tuzoyubaka twese hamwe.” Uburundi burafise amahirwe yo kuba isoko y’ico cizere. Twese twiyumve ko turi Abanyafrika.” Dutangure kwubaka ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika nk’uko Uburundi buramutswa iryo shirahamwe. Wowe ubona gute uruhara rwawe mu kwubaka Afrika yunze ubumwe?”
Déborah Ntakiyisumba kuri Radio Télévision Burundi Bwiza RTBB






Users Today : 202
Users Yesterday : 412