Umuririmvyi-muhanzi, Nsengiyumva Minani Felicien batazira Maréchal Femi de j’Abat, azanye impinduka zidasanzwe mu mateka y’umuziki wo mu Burundi.

Kirundi & Swahili

Bibaye ubwa mbere, umuririmvyi-muhanzi wo mu Burundi, atanguza i radio yiwe bwite ikorera ku mirongo ngurukanabumenyi amasaha 24 kuri 24, imisi 7 kuri 7; aho abakunzi biwe bashobora kwumviriza indirimbo ziwe zose, ibiganiro yagiye aratanga nivy’abandanya atanga, imigambi yaranguye, iyo ariko ararangura, niyo yimirije kurangura.

Ivyo vyose bikaba vyegeranirijwe ku rubuga rwiwe rw’akazi www.femidejabat.com, rutanga akaryo kadasanzwe ko kwinjira mu kirere c’ubuzima bwa Femi de j’Abat biciye mu muziki n’imigambi vyiwe vyose, no gukurikira ikibiriraho umwanya wose, ahariho hose, ibikorwa vyiwe bijanye n’umuziki n’imigambi yiwe.

Iyindi ntumbero nyamukuru y’urwo rubuga n’iyo Radio, niyo kumenyekanisha, ubwiza n’ivyiza vy’igihugu cacu ciza c’uburundi, biciye mu muziki wa Femi de j’Abat w’urunganwe rwa kera, rw’ubu mbere n’uruzoza, indirimbo zihamagarira abarundi gukundana, gusenyera ku mukozi umwe, kubana mu mahoro no gukunda igihugu cabo; hamwe n’ibikorwa vy’iterambera bikorwa n’abarundi baba mu mahanga, hafatiwe ku karorero k’ibikorwa vyinshi biteye igomwe vyaranguwe kandi bibandanya birangurwa na Femi de j’Abat mu gihugu ciwe c’amavukiro, mu ntumbero yo gushigikira imbono kazoza y’Uburundi igihugu cifashe mu 2040, igihugu gitey’imbere mu 2060; ibi bigatera akamo n’intege abagisigaye inyuma kugira bagere ikirenga mu ciwe mu kuzana intererano yabo.

Fyonda ngaha wumvirize Radio Femidejabat Ishure ry’ubuzima.

Déo SINZINKAYO

Umuvugizi w’ Umuririmvyi-muhanzi Nsengiymva Minani Félicien

******************************************************’*****************************

Femi de j’Abat, Mwimbaji wa Wananchi, Anaweka Wakati wa Kihistoria katika Sekta ya Muziki ya Burundi

Kwa mara ya kwanza kabisa, msanii wa Burundi amezindua redio yake ya mtandaoni, inayopatikana masaa 24 kwa siku, siku 7 kwa wiki, ambapo mashabiki wanaweza kusikiliza kwa kipekee wimbo wake wote, mahojiano, na miradi yake.

Jukwaa hili la ubunifu, lililoingizwa kwenye tovuti yake ya kitaalamu www.femidejabat.com, linatoa nafasi ya kipekee ya kuingia ndani ya ulimwengu wa Femi de j’Abat, kufuatilia habari zake za karibuni kwa wakati halisi, na kufurahia muziki wake bila usumbufu.

Lakini redio hii haikomi kwa muziki tu: pia inalenga kuonyesha uzuri na utajiri wa Burundi. Kupitia nyimbo zinazovuka vizazi vyote, Femi de j’Abat anahimiza Warundi wampendane, wafanye kazi kwa umoja, waishi kwa amani, na wahimize upendo kwa nchi yao.

Jukwaa hili pia linaangazia miradi ya maendeleo inayotekelezwa na Warundi walioko diaspora ndani ya nchi yao ya asili. Femi de j’Abat ni mfano hai wa dhamira hii: tayari ametekeleza miradi mizuri katika Burundi yake ya asili na anaendelea bila kuchoka, akiimarisha maono ya Burundi inayojitokeza ifikapo 2040 na kuwa taifa lililostawi ifikapo 2060.

Kupitia mpango huu, anatafuta kuhamasisha na kuhimiza wale ambao bado hawajachukua hatua, akiwaita wajumuike katika harakati hizi na kusaidia kujenga mustakabali bora zaidi wa nchi yao.

Déo SINZINKAYO

Afisa wa habari wa mwimbaji-mtunzi wa nyimbo Nsengiyumva Minani Félicien 

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *