Ishure ry’ubuzima ku bigize ubuzima vyose, ah’uri hose mu mihingo yose y’isi, biciye kuri Radio Femidejabat ( RF ).

Turabahaye ikaze ridasanzwe mu kiganiro ca mbere c’intangamarara ku biganiro “Ishure ry’ubuzima” mugiye kwama mukurikirana biciye kw’i Radio Femidejabat (RF) no kuri Femidejabat Burundi TV (FBTV), ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe: http://femidejabat.com Ivyo biganiro bikazoza biremeshwa n’abahinga muvy’umuziki, kahise, akaranga, imico kama, amayarwa n’ibindi. Indirimbo zose za Femi de j’Abat, imigambi yaranguye niyo ariko ararangura, n’ibiganiro yakoze vyose, nivyo azoza arakora, vyose vyegeranirijwe kur’urwo rubuga rwiwe rudasanzwe kugira bibe ivyigwa muriryo shure ry’ubuzima. Urwo rubuga n’iyo Radio bitumye Femidejabat aba imboneza mu baririmvyi bahanzi b’abarundi bose, kuko ariwe wa mbere abitanguje mu mateka y’umuziki w’Uburundi. N’iteka ridasanzwe ku Barundi n’Uburundi. Ni tumwigireko! Fyonda ngaha urabe ikiganiro cose.

Déo Sinzinkayo ( Le chargé de la presse de Femidejabat ), Irishura Kerssy Daxine ( Journaliste à la FB TV et RF ) , Dunia Abedi le célèbre tambourinaire burundais.

Author: Minani Félicien Nsengiyumva

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *