Indirimbo y’amateka ya CNDD FDD yahawe agashimwe n’Abarundi bo muri Diaspora.

@Abenegihugu.com mise à jour, le 16.10.2021 Source: (Archive 8-11-2018 à 12h:27 | Par NAWE ).

Fyonda hano uyisome kw’isoko.

Inyuma y’iminsi indwi gusa yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko ashimishwa n’uko indirimbo yakoze ihuza Abarundi bo mu moko yose n’intara zose, umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT yaronkejwe agashimwe kagizwe n’ibahasha y’amafaranga y’amadorare agera ku gihumbi kimwe.

Ako gashimwe yakaronkejwe n’umurwi w’Abarundi baba mu mahanga batashimye kwivuga izina. Emile NIMUBONA, uwo abatanze iyo bahasha baciyeko kugira ayishikirize NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT avuga ko ubutumwa buri mu ndirimbo z’uwo muririmvyi zakoze ku mitima y’abagize ico ciyumviro c’ukumuha agashimwe.

« Haraheze imyaka itari mike havutse imigwi ya WhatsApp, aho usanga umuntu ari mu migwi myinshi. Abantu rero turi mu migwi ya WhatsApp itandukanye twasanze indirimbo za FEMI ziguma zigaruka kenshi cane kanatsinda zirimwo amajambo n’ivyiyumviro vyaranze ubuzima bwacu kuva tukiri bato gushika n’ubu. Niho twaca twumvikana ko umuntu nk’uwo twomugirira akantu atazopfa yibagiye. Aho nobamenyesha ko uwo muriririmvyi ruranguranwa Femi atavyo yari azi na gatoya. »

Agashimwe ku ruririmbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD

Ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD (Hymne du CNDD FDD) ni rumwe mu ndirimbo za NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT, akaba ari narwo rwatowe mu zindi, ruhabwa ako gashimwe kashikirijwe uwo muririmvyi. Emile NIMUBONA amaze imyaka 15 aba mu gihugu ca Norvège arasigura igituma urwo ruririmbo rwatowe mu zindi.

« Irya Hymne twasanze ari indiririmbo idasanzwe ku gihugu cacu. Ni indirimbo idasanzwe iruhura imitima ya benshi yahababutse kubera ibihe bibi cane igihugu cacu caciyemwo. Ifise ubutumwa bwiza cane buhuza bugahumuriza Abenegihugu bose mu budasa bwabo. Amajambo meza ayirimwo ni umuti kuri bene Burundi twese uvura akaranda k’amacakubiri, urwanko n’inzigo, akarenganyo n’agacinyizo vyo soko y’intambara zahekuye imiryango myinshi yacu twese. Ni indirimbo idasanzwe ihezagiwe cane kanatsinda iririmbwa mu gihugu cose no mu mahanga n’abato n’abakuze . Umuntu Imana yateye iteka rinini ryo kuyidukorera twoba turi intashima tutamushimiye akiriho. »

NIMUBONA ahamagarira Abarundi kugira umutima w’ugushimira umuntu akiriho, kuko ari umuco w’ingirakamaro.

« Numvise ko naronse agashimwe narakangutse”

Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Maréchal FEMI DE J’ABAT avuga ko acumva ko hari abantu atazi bamuhaye agashimwe k’amadolari 1000 yakangutse, kuko ku bwiwe ari ibintu atari bwumve na rimwe mu buzima bwiwe.

« Ntabwo nanezerewe muri aka kanya kuko sinemera neza ko arivyo abantu ntazi kumpa amahera menshi nkayo. Naciye ndamubaza kandi nti abo bantu udashatse kumbwira nyamahera bakubwiye ico bayampereye ? Niko rero guca ansigurira ko ari kubera indirimbo zanje bakunda ngo na cane cane Hymne nakoze ya CNDD-FDD ngo ni indirimbo idasanzwe ifasha abanyagihugu kurengera amabi baciyemwo ngo ikongera ikabanywanisha no kubakundisha igihugu cabo. Numvise umunezero udasanzwe mwinshi cane mu mutima wanje. Nkaba ndabashimiye cane gose narirya ariryo rya mbere kuva mbaho mbona igitangaza nk’ico ku bantu ntazi. Imana yuzuze aho bakuye hame imisesekara. »

Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien yanditse ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD uwo mugambwe ukiri umuhari, urwo ruririmbo akaba yarusubiriyemwo incuro zitatu, nk’uko abishikiriza, ahereye kuva igihe CNDD yatwarwa na Leonard NYANGOMA, yongera arusubiramwo igihe uwo muhari watwarwa na Jean Bosco NDAYIKENGURUKIYE, yongera kandi arusubiramwo n’igihe uwo muhari watwarwa n’uwurongoye ubu igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ururirimbo rwakorewe mu buhungiro.

Uwo yakoze urwo ruririmbo avuga ko ata muntu n’umwe yamusavye kurukora, ko ariwe wenyene yavyibwirije kubera yavyiyumvamwo mu mutima wiwe kubera ibihe bigoye kandi bibabaje cane igihugu camwibarutse carimwo. Yari asanzwe amenyereye ivyo gukora indirimbo zihayagiza imigambwe, aho agatanga akarorero k’ururirimbo yakoze ruhayagiza umugambwe PP ( Parti du Peuple) hamwe n’uruhayagiza ishure ETP ry’i Gitega uwo muririmvyi yizeko mu mwaka w’1991.

Mu ntambara y’umwaka w’1993 yakurikiye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE, NSENGIYUMVA MINANI Felicien yahungiye i Uvira, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ari naho yakoreye ururirimbo ruhayagiza ubu umugambwe CNDD FDD.

« Hymne ya CNDD-FDD nayikoreye i Uvira muri Congo aho bita Mulongwe, nari mu buhungiro mbaye ho nk’impunzi. Iyo Hymne rero nta n’umwe yabinsavye ngo nindayikore, kubera ko nari nsanzwe ndirimba nkora n’ibiteramo ngaho nyene i Uvira vyaranjemwo kwiyumvira kuyikora, narayitunganije jewe nyene mpejeje nca ndondera abatware ndayibereka baca barayishima, yaba amajambo canke mélodie natungaije, vyose barabishimye cane gose ntaco bakuyeko canke ngo bongeremwo. Iyo Hymne nakoze niyo yugurura ikongera ikugara iradiyo ya CNDD-FDD yitwa RUTOMORANGINGO yahavuye yitwa mu nyuma Radio Demokarasi. Narumva agahinda kenshi mu mutima kubera ibihe bibi cane igihugu cacu carimwo aho abantu mu moko yose ahanini ata gaciro bari bagifise, baricwa nabi izuba riva. Ni naco gituma uyumvirije mvugira Abarundi bose kuko ngaho nyene mu buhungiro nari hari abava mu moko yose. »

N’aho urwo ruririmbo rwashimwe n’abari barongoye umuhari CNDD, umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien avuga atorohewe.

« N’agasho narakagiyemwo ndanagarukira kenshi ku munwa w’urupfu kubera iyo ndirimbo. Kumbure ngira biri mu bitera bamwe kurira iyo bariko barayiririmba kuko uwayikoze nawene yaraciye mu marira n’umubabaro, mu bihe vyari bitari vyoroshe bimwe umwana arira nyina ntiyumve. Ariko ndashima cane Imana yo yanzigamye muri ivyo bihe, ikampa umutima wo kurinda cane no kwihangana mpaka ndayikora, uno musi yarabaye umugisha munini kuri benshi no ku gihugu cacu, n’ubwo hariho abo ihezagira cane mugabo batazi uwayibakoreye uwariwe kandi akiriho . Abo bavukanyi ntazi uretse uwo umwe gusa baciyeko, barankoreye ikintu gihambaye ntazopfa nibagiye nkiriho, yarabahezagiye nabo ngabo nanje barampezagiye. Imana ibishimirwe cane. »

Marechal FEMI DE J’ABAT ahanura abakora ineza kugumana umwizero, kuko hari abaca intege abandi mu kubabwira ko uwabirimye atariwe yabiriye. Abakora ivyiza ntibabironkere impera ababwira ati : « Ukora ineza ukayisanga imbere kandi akenshi iyo neza uyikorerwa n’uwo utaziga nk’uko nanje uno musi ndiko ndashimirwa n’abantu ntazi. Ivyo ndavyita ibitangaza vy’Imana. »

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *