Burundi/ Icibutso c’ihonyabwoko: Mfise ivyizigiro ko igihe kizogera n’iwacu bigakorwa.

@Abenegihugu.com/ inkuru ya @Nsengiyumva Minani Felicien.

Mfise ivyizigiro ko igihe kizogera n’iwacu mu Burundi bigakorwa. Mu rugendo nagize i Budapest ku murwa mukuru w’igihugu ca Hongrie, narishikiye mu bibanza bikomeye vy’ingenzi ahashizwe ivy’ibutso vy’ihonyabwoko ryakorewe Abayuda ( les Juifs ) muri ico gihugu. Vyarankoze cane kumutima birampa gutahurako no mu gihugu cacu ihonyabwoko ry’abana b’Uburundi nakuze numva gushika n’uno musi rikivurwa cane ko Leta y’Uburundi yoryemeza kumugaragaro maze hakubakwa icibutso caryo kurwego rw’igihugu. Vyofasha igihugu cacu n’Abarundi twese muri vyinshi na cane cane mu gukinga kugira ntihazigere haba ubugira kandi irindi honyabwoko kuko ico cibutso cofasha n’abana bato gukura bazi neza kahise kabi k’igihugu cabo kugira bakurane umutima w’urukundo kugihugu cabo mugusonera ubuzima bw’ikiremwa muntu kuko twese turakeneye kubaho mu mahoro, gutunga no gutunganirwa mu bacu no mu vyacu. @#FemiBurundi.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *