MBEGA MAJOR PIERRE BUYOYA NGO ARACARI MUZIMA?

@Abenegihugu.com. Inkuru ya ISANZURE TV.

Naho Major Pierre Buyoya yaraye ashinguwe mu gihugu ca Mali, gushika nubu hariho abataremera ko Buyoya yapfuye kubera impamvu zimwe zimwe bavuga:-Ngo arwaye,vyabaye ibanga ndetse naho yararwariye ntihamenyekanye! -Petero Buyoya ajanwa kuvuzwa mu Bufaransa ngo ntivyamenyekanye-Indege yamureruye ntiyamenyekanye-Ibitaro vyamwakiriye ntivyamenyekanye-Amategeko y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS arabuza ko uwishwe n’umugera wa Covid-19 yimurwa aho yapfiriye! Ariko Buyoya bavuga ko yishwe na Covid-19 yapfiriye mubufaransa maze acasubizwa Inyuma muri Mali,ni kuberiki ubufaransa bwemeye kurungika ico kiziga hama Mali nayo ikemera kwakira ico kiziga cishwe n’umugera kandi Amategeko abibuza? Ubwo koko yoba yishwe na Covid-19 nimba nyene yarapfuye?

Umuryango wiwe wa Buyoya ntiwigeze umenyesha ko yapfuye ahubwo amakuru yose yava kubinyamakuru vyagirizwa guhirika ubutegetsi mu mwaka wa 2015!-Igihugu avukamwo ndetse Igihugu yatembagajemwo ubutegetsi incuro zibiri zose abanje kugandagura Incungu ya Demokrasi ntaco cigeze kivuga kururwo rupfu.-Abatembagaje ubutegetsi bwa 2015 abenshi bagendera kumacakubiri y’ubwoko ,ubu bakaba bahawe indaro mu Rwanda,nibo bonyene berekanye ko bazi ko Petero Buyoya yapfuye ariko abandi benshi bazi neza Buyoya baririnze Kwerekana ico bazi kururwo rupfu! Mbega nuko bazi nyene koyapfuye? Nimba babizi,habuze iki kugira bagire ico bavuze?-Igihugu yapfiriyemwo c’ubufaransa ntaco cabivuzeko!-Major Buyoya vyamenyekanye ko yapfiriye kukibuga c’indege kandi ababwirizwa kubimenyesha ko yapfuye babwirizwa kuba ari abaganga bokwivuriro rizwi mu Bufaransa -Ngo yahambwe vy’imfatakibanza? Mbega Ivyo birabaho umuntu agahambwa vy’imfatakibanza? Niryari azohambwa burundu?

Agacerere mu bihugu vyose bibanyi uBurundi buherereyemwo ndetse Ivyo bihugu birazi cane uwo Buyoya ! Kuberiki ataco vyavuze?-Amaze kwicwa na covid-19 bamujanye murusengero kumusabira Kandi yishwe na covid-19 ,uwishwe na covid-19 atajanwa ahantu harabantu benshi ,kuva covid-19 itanguy ntamuntu akomeye yishwe nayo twabony bajany murusengero kumusabira,rero ivya Petero Buyoya birimwo igifungu ..Amakenga ni menshi rero mu Burundi ! Ariko kandi mu migenzo y’ikirundi ntawubeshera urupfu ! Mbega kugwego mpuzamakungu ho birakunze gushika umuntu akabesha abantu koyapfuye kandi atapfuye? Ni ryari umuntu apfa ariko abantu ntibemere koyapfuye? Ubivugako iki weho? Ukuri kurayo majambo yose ni Amakuru tugiye kubandanya tubatohoreza!

VIDEO : Fyonda ngaha.

Author: abeadmin

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *